Thursday 1 February 2018

Ubuzima bwo mw’ibarabara : abavyeyi bibaruka babiteguye ?


Ishusho: Pixabay

Ashavujwe no kubona ukuntu abana bo mw’ibarabara babaye mu buzima bubi bimwe bitavugwa, Arthur Banshayeko aranebagura abavyeyi bubahuka bakibaruka abana bo guta « mw’iyarara » izuba riva. Abana bo kuribwa n’imibu n’ingwara zitandukanye. Ishavu ridasanzwe !

Umwana avutse akavukira gutega amashi, gusega kugira aronke ico ashira ku munwa, atazi uko azobaho ejo aratera ikigongwe. Igihe cose mbonye abo bana numva amarira, amaganya n’agahinda. Wewe muvyeyi wavyaye umwana wo mw’ibarabara, uribaza iyo aba ari wewe wakorewe uyo muzigo wo guhangana n’ubuzima utabisavye ingene vyari kugusanzariza umutima ? Nimba atahura ko abantu n’ibikoko dufise itandukaniro rinini, fata akanya wibaze ku buzima ugiye guha umuntu, wibaze igituma ubumuhaye. Umwana we avuka atavyiteguriye, kuko ntavyo yoshobora, ariko wewe wamuvyaye wari ubizi, wari ushoboye kuvyitegurira. 

Kwibaruka biraryoha, kandi ni iteka

Kwumva ko nyokuru agiye kuronka akuzukuru, kwumva  akana kikina mu nda, kubona umuvyeyi akuriwe, kubwirwa ngo : « Uribaruka »,… bikora ku mutima, biraryoshe cane. Gukimbagiza ikibondo, guheka, gukuza, kugeza mu bigero, gutuma, birahimbara umuvyeyi wese.
Ni iteka ku bibarutse. Ni iteka ku babanyi eka no ku gihugu.  Urwaruka ruserukira igihugu mu mahiganwa yo kwinonora imitsi, amahiganwa y’ubuhinga, imico n’akaranga, mu vy’intwaro, ubutunzi canke gucungera umutekano rugitera iteka.
Ariko iyo bugorovye mu mabarabara yo mu gisagara nkabona abana baja kwifurereka mu mabarabara kubera kubura aho baba, birantuntuza umutima. Nibaza nimba ababavyaye bari bakwije ubwenge. Ko bativyaye canke ngo bakoroke bava mw’ijuru, abo bana ababavyaye bari hehe? Babavyariye iki? Kuza kurarira Havana batabihemberwa? Kuza gutukwa, kuvumwa amate n’abahita?
Simpakanye ko umwana ashobora kuvuka yiteguriwe, hama hakaduka ibiza(isegenya, uruzuba, intambara, amasanganya atuma abana bamugara, amasanganya atuma abavyeyi bamugara canke bakitaba imana, umuriro w’ivyaduka, n’ibindi) bishobora gutuma ubuzima bw’umwana buhungabana ; aha ntakintu na kimwe twohindura. Ariko nimba ataco turi buhindure, ikibano cacu n’igihugu bifise ico vyiteze kuri abo bana bitegerezwa gufasha kugirango abo bana bareke kubaho ubuzima bw’umururazi batigeze basaba kuvuka ! Abo bana bafise akamaro kanini ku gihugu mu gihe bafashwe neza.

Ntakamaro ko kwibaruka abaza kwanikirwa kw’iyarara

Biraryoshe kurangura amabanga y’abubatse. Ariko nimba muzi ko inyuma yavyo mushobora guha ubuzima umuntu, ni mwishire mu kibanza ciwe, mwiyumvire ko nawe akeneye kuryoherwa, gufungura, kwambara, kwipfuka, kwubahwa… Mwibuke ko adakeneye kuba mw’isoni n’umujinya. Uzi ko umuvyara ngo abeho muri ayo mahano, ubikorera iki ? kuki wemera ukishirako uburuhe, ububabare, n’umwitwarariko  mu gutwara imbanyi uzi ko uriko urema umugorwa, igitabwa, umuntu azotungwa n’iyarara nk’imbeba !
Igihugu c’Uburundi kigeze ku miliyoni z’abantu zirenga 11, ku buringanire bwa km2 27 834. Duharuye abo bana tuvyara nk’abafyatura ibibazo bazotera igihugu cacu igihe cose bazoba bagomba kubaho nk’uko natwe turiho, murumva ko turiko turimbira icobo abazovuka ejo.
Ko uvyara utiteguye wiruka n’iki ? Ukwakwanya kugira unagure zina kiremwa muntu rigiye gufudika kwisi ? Haba n’intete, kuko isi irarenza iriliyaridi 12 z’abantu !Uharuye ukutumvikana n’intambara ziri kwisi, kuvyara umwana azomara imyaka yiwe yose aryama kw’ikaburimbi, yipfuka igikonyozi n’imbeho, ntiwumva ko ari ukumucumurako?
Ni turondere na ntaryo umutima wo kubabarana.Tumenye ko ico tudashaka ko abandi batugirira tutari bukigirire abandi. Twemange amakosa tudasiba gukora mu guha ubuzima abo bana baza kwanamiza kw’ibarabara. Bakaba inyererezi, barara mu gahinga nk’inyamaswa, bagakumirwe nk’abamenja ukamengo niwe yacumuye. Duhe agaciro « abubatse » biboneke ko bubaka babikwiye, baciye ubwenge, bazi ico bagiye gukora. Abo bana tubona aho ku mabarabara barateza urubwa abibaruka. Bara gayisha igihugu babamwo.

1 comment:

  1. Amajambo yashikirijwe n'uyu muvukanyi n'ayinkoramutima. Nibaza ko tugiye kwikubita agashi. Mbega none jewe canke wewe nk'umurundi n'umurundikazi tugiye gukora iki kugirango imbere yo kwibaruka ikibondo twobanza tukiyumvira ico tubategekeraniriza mu buzima bwabo bwa kazoza?

    ReplyDelete